Umukuru wa Mai Mai Sheka yashikirijwe leta ya RD Congo

Ntabo Ntaberi Sheka, yari yitanze muri MONUSCO Uwufise ububasha kw’isanamu AFP)
Image caption Ntabo Ntaberi Sheka, arongoye umugwi Mai Mai Sheka, yashikanywe mu minwe ya leta

Umugwanyi yari yishikanye mu minwe ya MONUSCO mu ndwi iheze, yashikirijwe ubutegetsi bwa Kinshasa, mu gihe asanzwe aronderwa ku vyaha vyo gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu, birimwo gufata abagore ku nguvu.

Ntabo Ntaberi Sheka, hari haheze imyaka nk'itandatu yaratangiwe umutahe wo kumufata.

Uwo mugwanyi yitangiye mu buseruko aho bavuga ko hari icicaro gikuru ciwe.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch, risaba abategetsi ba Congo-Kinshasa n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU kumukingira ubuzima.