Umushikirizamanza mukuru wa venezuela yakuwe

Venezuela Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibiro vy'umushikirizamanza mukuru vyazindutse vyugarijwe

Ku munsi wa mbere w'ibikorwa vyayo, inama nshingamateka ya Venezuela yakuye umushikirizamanza mukuru w'ico gihugu Luisa Ortega.

Abajejwe umutekano bari bazindutse bugarije ibiro vy'umushikirizamanza mukuru wa Venezuela, umupfaspni Luisa Ortega, yari yasavye ko ivyavuye mu matora bitokwemerwa.

Umushikirizamanza mukuru yari yasavye sentare guhagarika kurahiza abagize inama nshingamateka, avuga ko amatora yabo yagiyemwo amahinyu.

Ishirahamwe ry'ubudandaji hagati y'ibihugu vyo muri Amerika y'ubumanuko MERCOSUR, ryarahagaritse burundu igihugu ca Venezuela muri uwo muryango.

Iryo shirahamwe rivuga ko Venezuela itazokwongera guhabwa uburenganzira muri uwo muryango kugeza abapfungiwe politike bose barekuwe, nayo urwego nshingamateka rugaseswa.