Ubushinwa na Koreya y'epfo birashima ibihano kuri N Korea

Koreya ya ruguru izohomba 1/3 kubera ibihan bisha Uwufise ububasha kw’isanamu EDUARDO MUNOZ ALVAREZ
Image caption Icifuzo c'ibihano kuri Koreya ya ruguru catanzwe na USA

Ibihugu vya Koreya y'epfo n'Ubushinwa bimenyesha ko bibona ingingo y'ibihano yaraye ifatiwe Koreya ya ruguru, nk'inzira igana ku biganiro.

Ingingo y'inama nkuru y'umutekano mw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yaraye ifashwe, ibuza Koreya ya ruguru gushorera ibidandazwa bimwe bimwe hanze.

Ivyo bidandazwa birimwo birimwo amakara y'ibizuku n'ibifungurwa vy'ibinyaruzi.

Kureka gushora ivyo bidandazwa bishobora gutuma Koreya ya ruguru ihahombera ica gatatu c'amafaranga yahora yinjira mu gihugu.

Iyo ngingo yo gufatira ibihano Koreya ya ruguru, yasabwe na Leta zunze Ubumwe za Amerika, kubera igeragezwa ry'ibisasu vyo mu bwoko bwa 'missiles ballistiques'.

Iryo gerageza ry'ibisasu ico gihugu cakoze mu kwezi guheze, cavuze ko vyoshobora gushikira ubutaka bwa Leta zunze Ubumwe za Amerika.