N Koreya yaciwe amahani kw'igeragezwa ry'ibisasu

Wang Hi na Ri Yong-ho Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Wang Yi yavuze ko ibiganiro na mugenzi wa Koreya ya ruguru Ri Yong-ho vyagenze neza

Umushikiranganji w'imigenderanire wa Leta zunze Ubumwe za Amerika Rex Tillerson, nawe nyene ari mu nama y'abategetsi b'ibihugu vy'akarere ka Aziya y'ubumanuko no mu buseruko, ibera mu muji wa Manilla.

Rex Tillerson ari kumwe na mugenziwe wa Koreya ya ruguru Ri Yong-ho muri iyo nama y'ibihugu vy'akarere ka Aziya y'ubumanuko no mu buseruko.

Ibiro vy'ubushikiranganji bw'imigenderanire ya leta zunze ubumwe za Amerika bimenyesha ariko ko ata mugambi uhari wo guhura hagati y'abo bategetsi babiri.

Ariko bwana Ri mu biganiro yagiranye na mugenzi we w'Ubushinwa, Wang Yi, bwana Yi yavuze ko yahamagariye mugenzi we wa Koreya ya ruguru bwana Ri, gukwirikiza ingingo y'inama nkuru y'umutekano kw'isi.

Hagati aho, bwanaTillerson yagiranye ibiganiro n'umushikiranganji w'imigenderanire wa Koreya y'epfo Kang Kyung-wha.

Mu ndwi iheze, bwana Tillerson yari yavuze ko igihugu ciwe kitabona Koreya ya ruguru nk'umwansi, kandi ko ata n'umugambi gifise wo gutembagaza ubutegetsi bwayo.

Ariko yagabishije ko igerageza ry'ibisasu leta ya Pyongyang imazemwo iminsi ritari iryo kwihanganirwa.