Yahagaritswe muri Fox News, akekwa guhohotera abagore

Eric Bolling Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Eric Bolling amaze igihe kinini akorera Fox News

Eric Bolling, umunyamakuru amaze igihe kire kire atanga ikiganiro kuri Fox News, akekwa ko guhohotera abagore batatu mu bakozi bagenzi we, mu bihe bitandukanye mu myaka yaheze.

Fox News, yahagaritse Eric Bolling mu kazi mugihe hagikogw aitohoza, kubera amafoto yarungikiye abakozi bagenzi we b'abagore.

Umushingwamanza wiwe avuga ko ivyo Eric Bolling yagirizwa atari vyo kandi ko arenganywa.

Ikinyamakuru gica kuri internet kizwi nk'ikitagira aho cegamiye muri politike 'the Huffington Post', cemeza ko bwana Bolling yarungikiye mu butumwa bufugi, amafoto y'ibihimba vy'igitsina-gabo, abagore batatu bakorana.

Uwumwunganira imbere y'amategeko, Michael Bowe, avuga ko ibimenyetso bifatigwako, bitasuzumwe, bitazwi aho vyaturutse kandi ko atari vyo.

S'ubwa mbere abakozi ba Fox News bavugwa mu bibazo vy'ihohotera rifatiye ku gitsina.

Bill O'Reilly, yakuwe mu kazi mu kwezi kwa kane, bimaze kuvugwa ko abagore bagera kuri batanu barishwe amafaranga angana na miliyoni 13 z'ama dorari kubera inyifato yiwe.

Ariko we yarabihakanye.

Roger Alies, yavuye mu kazi k'ubuyobozi bwa Fox News, amaze kuregwa kenshi ko yahohoteye abakozi b'abagore, ariko nawe yarabihakanye, imbere yo kwitaba Imana mu kwezi kwa gatanu.