Igitero mu rusengero muri Nigeria

Igitero co muri Nigeria Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ababonye igitero c'uyu munsi bavuga ko carimwo abantu bihishe mu maso

Abantu umunani bishwe abandi benshi bari mu misa barakomereka mu gitero c'inkoho cagabwe ku rusengero rwo mu muji wa Onitsha muri Nigeria.

Igipolisi kimenyesha ko igitero cagabwe mu muji wa Onitsha cakozwe n'umuntu umwe rudende yinjiye mu rusengero.

Ababibonye bavuga ko abantu batanu bari bihishe mu maso bagize uruhara muri ico gitero.

Nigeria imaze imyaka yiziziwe n'ibitero vy'umutwe wa Boko Haram cane cane mu buraruko bw'igihugu.