Israel ishaka guhagarika Al Jazeera TV

Al Jazeera igiye kwugarwa muri Israel Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Al Jazeera yagrizwa gushigikira iterabwoba n'amabi akoregwa abanya Israel

Ibiro vya Al Jazeera biri Jerusalem bigiye kwugarwa, ibiganiro vyayo bikurwe ku yandi ma tereviziyo yo muri Israel, nk'uko bimenyeshwa n'umushikiranganji wo kumenyasha amakuru wa Israel.

Bwana Ayoub Kara, yagiriza tereviziyo Al Jazeera gushigikira iterabwoba no gukokekaza ubugizi bwa nabi bukoregwa abanya Israel.

Al Jazeera imenyesha ko abakozi bayo bajejwe gutara amakuru babujijwe kwinjira ahatangiwe ikiganiro catangarijwemwo izo ngingo zo gukumira tereviziyo yabo.

Iyo tereviziyo ifise icicaro i Qatar, imenyesha ko izo ngingo zerekeye ibiganiro vyayo vyo mu carabu no mu congereza.

Bwana Kara avuga ko ama tereviziyo yahora yakira ibiganiro vya Al Jazeera yemeye kwubahiriza iyo ngingo, mu guhagarika kubitangaza.

Ariko ngo kwugara ibiro vyayo bisaba ayandi mategeko.