Agacerere muri Kenya imbere y'amatora y'umukuru w'igihugu

Prezida Kenyatta yizeye kugaruka ku butegetsi - ariko hari ubwoba ku bijanye n'amatora Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Kenyatta yizeye kugaruka ku butegetsi - ariko hari ubwoba ku bijanye n'amatora

Igihugu ca Kenya kiratekanye muri kino gihe abanyagihugu barindiriye amatora y'umukuru w'igihugu azoba ku munsi wa kabiri.

Aho ni nyuma y'urwamo rw'amahoni y'imodoka zireruye abiyamamaza rwari rumaze iminsi rwumvikana mu mabarabara mu duce twinshi tw'igihugu.

Ibiharuro ngereranyo vyerekana ko umukuru w'igihugu Uhuru Kenyatta hamwe n'uwurongoye urunani rw'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi, Raila Odinga, begeranye mu majwi.

Ibi bituma haba ubwoba ko hashobora kwaduka indyane nk'izakurikiye amatora yo mu 2007.

Igishobora gushikira Kenya nticerekeye ahanini uwutsinda amatora ahubwo gishobora kuva ku kungene uwutsinzwe avyifashemwo.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Raila Odinga yegeranye cane mu majwi na Prezida Uhuru Kenyatta

Gutora mu buhinga bwa none

Uburyo bwo gutora hakoreshejwe ubuhinga bwa mudasobwa, bugenzugwa n'akanama kajejwe amatora "Independent Electoral and Boundaries Commission" (IEBC), nibwo bukoreshwa kugira vyizerwe ko amatora abaye ku mugaragaro.

Mu gihe ubwo buryo bwokwanka - nkuko vyabaye mu 2013 - amajwi yoca aharugwa ku buryo busanzwe.

Mu gihe hakunze kuvugwa ubusuma bw'amajwi mu matora muri kahise, uwotsindwa yohava atemera ivyayavuyemwo.

Mu 2013, Raila Odinga yaritwaye avuga ko hari ubusuma bwabaye mu matora ariko aratsindwa.

Muri kino gihe - ubwa kane kandi bushobora kuba n'ubwa nyuma agerageza kuja ku butegetsi - ashobora kuja mw'ibarabara igihe yoba yiyumviye kw'amatora yibwe.

Muri rusangi ubwo buryo bwo gutora bushingiye kuri mudasobwa ni bwiza.

Uburyo bwa "électronique" bwo kwandika abatora butuma umuntu adatora kabiri canke ngo hakoreshwe mu matora indangamuntu z'abapfuye.

Amajwi yavuye mu matora azomenyesherezwa mu ntara y'amatora, ace arungikwa ku buryo bwa mudasobwa i Nairobi aho ay'igihugu cose azoteranirizwa

Abarorerezi b'amatora bazoba bari mu bibanza vy'amatora biharugwa mu bihumbi.

Igihe ubwo buryo bwa mudasobwa bwokwanka gukora, guhinyuza amajwi bizoba bigoye, bitume abantu bagira amakenga ku vyavuye mu matora.