Umutegetsi wa Afrika yepfo yagwaniye mu bwidagaduriro

Mduduzi Manana yagenywe ka cegera c'umushikiranganji w'indero mu 2012 Uwufise ububasha kw’isanamu SA GOVERNMENT
Image caption Mduduzi Manana yagenywe ka cegera c'umushikiranganji w'indero mu 2012

Icegera c'umushikiranganji w'indero mu gihugu ca Afrika Yepfo, Mduduzi Manana, yagirizwa gukubita umwigeme mu kibanza c'ukwidagaduriramwo.

Bwana Manana yasavye ikigongwe ku vyo "yakoze biteye isoni" avuga ko naho yarasomborokejwe, "yarakwiye kwigumya".

Umushikiranganji ajejwe abagore, Susan Shabangu, yavuze ko yaguye mu gahundwe aronse ayo makuru.

Afrika yepfo iri mu bihugu bigwiriyemwo ingeso yo guhohotera abagore kw'isi.

Mu bitigiri bitangwa n'igipolisi, ibirego 64000 vyerekeye iyo ngeso nivyo vyashikirijwe mu mwaka uheze.

Umuvugizi w'igipolisi yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Agence France-Presse (AFP), ko bariko baratohoza kur'ubwo bubisha bwabaye ku munsi wa Mungu mu gitondo.

"Yagirijwe ko akundana n'abagabo"

Mu majwi yafashwe yashikiriye itangazamakuru, ashobora kuba ari ikiganiro hagati ya musaza w'uwo mwigeme n'uwo mushikiranganji, uwo muntu avugwa ko ari umushikiranganji, yariyemereye ko yakubise ikofe uwo mukobwa igihe amubwiriye ko ari umu "gay" (ko akundana n'abagabo).