Umukozi mukuru wa Samsung ashobora gupfungwa imyaka 12

Icegera c'umukuru wa Samsung Lee Jae-yong avuga ko ata kabi yiyagiriza Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Icegera c'umukuru wa Samsung Lee Jae-yong avuga ko ata kabi yiyagiriza

Ubushikirizamanza bwa Korea Yepfo buriko busabira icegera c'umukuru wa Samsung, Lee Jae-yong, igihano co gupfungwa imyaka 12.

Bwana Lee akurikiranwa ku vyaha bijanye no gutanga ibiturire, vyatumye Prezida yahahora Park Guen-hye akugwa ku butegetsi.

Bivugwa ko yatanze ingabire y'amahera menshi cane, ngo leta ifashe mu kunywanisha amashami abiri ya Samsung.

Ari mw'ibohero kuva mu kwezi kwa kabiri kubera ayo makosa ateye isoni ariko we arahakana ko ata kibi yakoze.

'Yaracuditse n'ubutegetsi'

Ubushikirizamanza bwagiriza Bwana Lee n'abandi bategetsi bo hejuru bane guha igiturire somambike wa Madamu Park, Choi Soon-sil, c'amamiliyoni y'amadolari kugira ngo boroherezwe mu kazi.

Busaba ko bopfungwa imyaka iri hagati y'indwi n'icumi.

"Abagirizwa bari bacuditse cane n'ubutegetsi kandi barondera inyungu zabo", niko ubushikirizamanza buvuga.

Abunganira Bwana Lee mu rubanza bavuga ko ivyo birego bidasigurika, ko abaregwa batigeze basaba guhabwa ikintu na kimwe ku ngabire batanze.

Sentare itegekanya gufata ingingo itariki 25 z'ukwezi kw'umunani.