Onu isaba Venezuela kugabanya inguvu ihangana n'abayiyamiriza

Abatavuga rumwe n'ubutegetsi mu myigaragambyo ku wa 24/072017 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abatavuga rumwe n'ubutegetsi mu myigaragambyo ku wa 24/072017

Igisata ca Onu giharanira agateka ka kiremwa muntu casavye leta ya Venezuela guhagarika gukoresha inguvu nyinshi mu gutuza abiha amabarabara bayigwanya.

Umugwi ujejwe ivy'agateka ka kiremwa muntu ufise ivyemeza ko hari ikoresha ry'inguvu nyinshi rimwe na rimwe zituma abantu bapfa, mu myiyerekano kandi ko hari n'abantu bapfungiwe ubusa.

Abantu barenga 120 baramaze gupfa, kuva aho imigumuko itanguriye mu kwezi kwa kane.

Onu ivuga ko inteko za Venezuela n'abagwanyi bashigikiwe n'ubutegetsi, ko aribo bakoze ubwicanyi 73 mu buvugwa.

Bigereranywa ko abantu barenga 5000 bapfungiwe ubusa, bikavugwa ko boba bahohotegwa.

Leta ya Venezuela yegeka ubwo bwicanyi ku migwi y'abatavuga rumwe n'ubutegetsi.