RDC: Ubutegetsi bwegetse ubwicanyi kuri Bundu Dia Mayala

Abashigikiye umugwi Bundu Dia Mayala baheruka gutana mu mitwe n'inteko z'umutekano Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abashigikiye umugwi Bundu Dia Mayala baheruka gutana mu mitwe n'inteko z'umutekano

Igipolisi ca Repubulika Iharanira intwaro rusangi ya Congo (RDC) cagirije abagwanyi b'umugwi wishigikiza Imana, Bundu Dia Mayala ku bwicanyi buherutse mu duce tw'igisagara ca Kinshasa, niko itororokanirizo ry'amakuru AFP rivuga.

Abagwanyi b'umugwi Bundu Dia Mayala bakoze ico gitero baririmba " indirimbo z'Imana n'ivyivugo bigwanya inzego", niko umuvugizi w'igipolisi Pierrot Rombaut Mwanamputu ngo yavuze.

Amasasu ashwiragijwe yishe abantu 12, abapolisi babiri bakubiswe bakaba bamerewe nabi, niko yabandanije avuga.