Nigeria: Boko Haram yishe abarovyi 31

Ikarata ya Nigeria
Image caption Ikarata ya Nigeria

Ubutegetsi bwo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria bwavuze ko umugwi Boko Haram ugendera ku vyiyumviro vya Islamu wishe abarovyi 31 ku mazinga yo mu kiyaga Tchad.

Uwabibonye yabwiye BBC ko abo barovyi birengagije itegeko ribabuza kuja mu turere tumwe tumwe, kubera imvo z'umutekano.

Bamwe mu bapfiriye kw'izinga rimwe -- Duguri -- bazanywe mu bwato mu gasagara kari hafi ka Baga.

Bivugwa ko abateye bagiriye ikigongwe umurovyi umwe, bamusaba gusubira inyuma atwaye ibiziga vy'abapfuye mu kurondera kwihanikiza ko ata muntu numwe arekuriwe kuroba muri ico kiyaga.