Mu majwi amaze guharurwa, Kenyatta aza imbere y'uwo bahanganye Raila Odinga

Iharurwa ry'amajwi i Mombasa
Image caption Amajwi ariko araharurwa ku tuzu tw'amatora

Amajwi arabandanya gutangazwa inyuma y'amatora y'umukuru w'igihugu yabaye ku munsi wa kabiri muri Kenya.

Mu biharuro vyari bimaze kumenyekana gushika isaha cumi z'ijoro, Uhuru Kenyatta wo mu runani Jubilee yari imbere n'amajwi 6.574.087 (55.21) agakurikirwa na Raila Odinga w'urunani NASA, n'amajwi 5.236.724 (43.98%), ayo majwi akaba ari ayo ku biro vy'amatora 31947 kuri 40883.

Amajwi y'impfabusa akaba yashika 307252.

Ku biro bimwe bimwe vy'amatora, igikorwa co gutora cacerewe, akanama kajejwe gutegura amatora IEBC kakaba kaciye gafata ingingo yo kwongera umwanya batakaje.

Mu mategeko, ibiro vy'amatora vyategerezwa kwugurura isaha cumi na zibiri zo mu gitondo, bikugara isaha cumi n'imwe ku masaha ya Afrika y'ubuseruko.

Ariko hamwe mu turere, imvura nyinshi yatumye ayo matora ataba ku gihe, ahandi haba ingorane z'imashini.

Abantu benshi bafise ubwoba ko hashobora kuba imidurumbanyo nk'iyakurikiye amatora yo mu 2007, aho abantu 1300 bishwe abandi 600.000 bata izabo.

Akanama kajejwe gutegura amatora kamaze kumenyesha ivyavuye mu biro vy'amatora 31947 kuri 40883

  • Uhuru Kenyatta wa Jubilee afise amajwi 6,574,087 (55.21%)
  • Raila Odinga wa ODM amajwi 5236724 (43.98%)
  • Joseph Nyagah (yigenga) 29163 (0.24%)
  • Abduba Dida wa ARK 23318 (0.2%)
  • Ekuru Aukot wa Thirdway Alliance 20700 (0.17%)
  • Japheth Kaluyu (yigenga) 8806 (0.07%)
  • Cyrus Jirongo wa UDP 8521 (0.07%)
  • Michael Wainaina (yigenga) 6519 (0.05%)

Amajwi y'impfabusa gushika ubu ni 307.252

Ku musi wa gatatu, ibinyamakuru vyo mu gihugu ca Kenya vyose vyazindutse vyandika kuri iyo nkuru y'amatora, bivuga ko Uhuru Kenyatta gushika ubu ari we aza imbere mu matora y'umukuru w'Igihugu.

Ingene amatora yitabwe

Abitavye amatora batanguye gushika aho batorera mu gicugu co ku musi wa kabiri.

Hari imirongo miremire ku tuzu tw'amatora, hamwe hamwe mbere hakaba hariho abamererewe nabi mu misunikano yo ku murongo igihe utuzu tw'amatora twugururwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abantu batanguye gutonda imirongo ku tuzu tw'amatora hakiri kare
Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abajejwe amatora bari mu gikirwa co guharura amajwi
Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Kenyatta yasavye abo bahanganye kwemera aho abanyagihugu bashize inyuma yo gutora
Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Odinga yavuze ko bishoboka ko haba ubusuma bw'amajwi
Image caption Icegera c'umukuru w'igihugu William Ruto ariko aratora ku kazu k'amatora ka Kosachei, mu karere ka Uasin Gishu, mu burengero bwa Kenya
Image caption Abaje gutora bari ku murongo mu karere ka Uasin Gushu mu burengero bwa Kenya
Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abaje gutora bari ku murongo mu karere ka Gatundu