Ubufaransa: Igipolisi cafashe umugabo yagonze abasirikare

Mu kwezi kwa kabiri, umusirikare w'umufaransa yari acungereye umutekano i Louvre, mu gisagara ca Paris yararashe uwikekwa kugira igitero Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Mu kwezi kwa kabiri, umusirikare w'umufaransa yari acungereye umutekano i Louvre, mu gisagara ca Paris yararashe uwikekwa kugira igitero

Ikinyamakuru co mu Bufaransa kivuga kw'igipolisi cafashe umugabo yikekwa kugonga ku gushaka abasirikare bari kw'irondo ku mugwa mukuru Paris uno munsi mu gitondo.

Ku bw'imbonerakure yo mu Bufaransa, BFM-TV, uwo mugabo yarashwe arakomeretswa, asiganwa n'igipolisi.

Hari amakuru avuga ko abantu babonye imodoka ifise imyenge y'amasasu iruhande y'ibarabara, hamwe n'imodoka zitwara abagwaye (ambulances) muri ico kibanza.

Abasirikare batandatu nibo bakomeretse muri ico gitero ca Paris, babiri bakaba baremvye.

Abashikirizamanza bavuga ko intego y'uwo mugabo kwari ukwica.

Iyo modoka yaciye yiruka ihejeje gukora iryo bara.

(Abo basirikare bari kw'irondo ryashinzwe kubera ibitero vy'aba jihadistes.)