EU: "Nta busuma bwabaye mu matora ya Kenya"

Imirongo y'abantu bariko baratora muri Kenya
Image caption Imirongo y'abantu bariko baratora muri Kenya

Umuryango w'ubumwe bwa Buraya (EU) uhagarariye amatora mu gihugu ca Kenya wamenyesheje uno munsi ko ata bimenyetso biriho vyerekana ko amatora ya Kenya yinjiwemwo ubusuma.

Marietje Schaake arongoye uwo mugwi, avuga ko uwo muryango uzotanga icegeranyo ca nyuma c'ingene amatora yagenze, mu gihe uwo bari bahanganye na Uhuru Kenyatta, uwurongoye NASA, Raila Odinga avuga ko hari abantu binjiye muri mudasobwa barahindagura ibitigiri vy'amajwi ava mu bibanza vy'amatora.

Uwaje aserukira abarorerezi bavuye muri Amerika, John Kerry, yahora ari umushikiranganji w'imigenderanira ya Amerika, avuga ko hari utuntu tutagenze neza ariko ngo ntidushobora gutuma ivyavuye mu matora bishikirizwa bihinduka.

Image caption John Kerry ( i bubamfu) akurikirana amatora mu gisagara ca Nairobi

Bwana Kerry avuga ko akanama kajejwe amatora IEBC, kavyitwayemwo neza ku mugaragaro no mu mutekano ku buryo umuntu wese asanga akwiye kwemera ibishikirizzwa.

Ku bitigiri vya nyuma vyatanzwe na IEBC, Uhuru Kenyatta niwe wa mbere mu majwi 8.070.759 (54,28%), Raila Odinga akaza ubugira kabiri ku majwi 6.665.663 (44,83%).

Hagataho ivyegeranyo biva mu biro vy'intara birabandanya gushika mu biro bikuru vy'amatora biri i Nairobi kugira ngo munyuma bashobore guhinyuza amajwi arungikwa acishijwe muri mudasobwa.