Urwaruka rw'abimukira 29 baguye mu mazi muri Yemeni

Abana barokotse mu bari bagiye i Yemeni Uwufise ububasha kw’isanamu IOM
Image caption Abana barokotse mu bari bagiye i Yemeni

Niburiburi abimukira 29 bakiri bato bapfiriye mu mazi bitewe n'abakora urudandazwa rwo kujabukana abantu baja muri Yemeni, niko ikigo ca Onu citaho abimukira cavuze.

Muri rusangi abantu 120 nibo basunikiwe mu mazi n'umuntu yarabatwaye, atinya gufatwa.

Ikigo kigenzura abimukira "International Organization for Migration" (IOM) casanze abarokotse 27 ku musenyi, bari mu gikorwa cabo ca minsi yose.

IOM ivuga ko 22 babuzwe, mu gihe abandi babandanije urugendo.

Mw'itangazo ico kigo canditse, havugwa ko abo bimukira bagizwe n'abasomali hamwe n'abanya Ethiopia, benshi muri bo bari bafise imyaka 16, kandi ko bari bagiye mu bihugu vy'abarabu.

"Abarokotse babwiye abo dukorana ko umuntu yarabatwaye yabasunikiye mw'ibahari igihe abonye abantu basa n'abo mu butegetsi hafi y'inkengera", niko Laurent de Boeck, arongoye IOM muri Yemeni yavuze.

Uwo muntu akora urudandazwa rwo kujabukana abimukira, ngo yaciye asubira muri Somalia kurondera abandi bantu, niko babwiye IOM.

Abimukira bashika 55000 baramaze kuva mu karere k'Ihembe rya Afrika baja i Yemeni uno mwaka, igice kirenga kikagigwa n'abana b'imyaka 18, muri bo ica gatatu bakaba abakobwa, niko IOM ivuga.