Kenya: NASA yemeza ko yatahukanye intsinzi

Raila Odinga avuga ko hari amanyanga y'ubusuma yakozwe mu matora
Image caption Raila Odinga avuga ko hari amanyanga y'ubusuma yakozwe mu matora

Urunani NASA rurongowe na Raila Odinga ahanganye na Uhuru Kenyatta mu matora y'umukuru w'igihugu, rusaba akanama kajejwe amatora gutangaza ko Raila Odinga ariwe yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu.

Umukuru w'iyamamaza rya Raila Odinga, Musalia Mudavadi avuga ko bisunze amakuru bahawe na bamwe mu bakozi bo mu kanama kajejwe amatora batashatse kuvuga amazina, ko Bwana Odinga ariwe ari imbere mu majwi.

Mw'ikete NASA yashikirije akanama kagenzura amatora IEBC, isaba ako kanama gutangaza ko Raila Odinga na Kalonzo Musyoka aribo bari imbere mu majwi.

IEBC yo yasohoye ko Uhuru Kenyatta ariwe ari imbere ku majwi 8.056.885, Bwana Odinga akaza mu kibanza ca kabiri n'amajwi 6.659.493.

NASA isaba IEBC guhagarika gutangaza ivyavuye mu matora, ikarindira ivyegeranyo vy'amatora biri ku rukaratasi 34A na 34B bivuye mu biro vy'amatora canke mu biro vy'intara y'amatora.