Kenya: Ivyegeranyo vyacereje kumenya uwatsinze amatora

Umukozi mukuru mu kanama kajejwe amatora ka Kenya, IEBC, Ezra Chiloba Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umukozi mukuru mu kanama kajejwe amatora ka Kenya, IEBC, Ezra Chiloba

Mu gihe akanama kajejwe amatora ka Kenya, IEBC, kari kamenyesheje ko kagiye gutanga ibitigiri vya nyuma vy'amatora, amakuru ava mu biro vy'igihugu vy'amatora avuga kw'ico gikorwa gicerejwe n'ivyegeranyo biva mu gihugu bitaraboneka.

Ivyegeranyo vyanditswe ku rukaratasi 34A biva mu biro bitandukanye vy'amatora urunani NASA rurongowe na Raila Odinga rusaba, ntivyari bwashike vyose ku mugoroba.

IEBC yamenyesheje ko imaze kuronka ivyegeranyo bivuye mu biro vy'amatora 29000 ku biro 40883 vyari mu gihugu cose.

Hagataho uretse ivyo vyegeranyo 34A, abarongoye NASA basavye ko bokwemererwa kwinjira muri za mudasobwa za IEBC ngo babone kwemera intsinzi ishigwa ku mukuru w'igihugu w'ubu Uhuru Kenyatta.

Ibitigiri vy'imfatakibanza vyerekana ko Bwana Kenyatta yatsinze uwo bahiganwa, Raila Odinga, ku majwi make.

Urunani NASA narwo rwaratangaje ku munsi wa kane ibitigiri vyarwo bishira Raila Odinga mu kibanza ca mbere, mu gihe abarurongoye bari bavuze ko hari ubusuma bwari bwakorewe muri mudasobwa butuma adatsinda.

Muri kino gihe umugwi IEBC uri kumwe n'abaserukira imigambwe, abarorerezi bo ku rwego mpuzamakungu, abaserukira ibihugu vyabo, abamenyeshamakuru mu kibanza gikusanirizwamwo amajwi ava mu gihugu, barindiriye ko ico gikorwa ca nyuma corangira.

Abahagarariye amatora bo ku rwego mpuzamakungu, bo bavuze ko amatora yabaye mu mwidegemvyo kandi mu kuri.