Abimukira baja muri Espagne bikuvye gatatu uno mwaka

Ibihumbi vy'abimukira nibo baca mu kiyaga Méditerranée kira mwaka bagiye i Buraya Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibihumbi vy'abimukira nibo baca mu kiyaga Méditerranée kira mwaka bagiye i Buraya

Igitigiri c'abimukira baja mu gihugu ca Espagne ngo cikuvye incuro zitatu uno mwaka ugereranije naho ico gitigiri cari kigeze mu mwaka uheze igihe nkiki, niko ikigo citaho abimukira International Organization for Migration (IOM) cavuze.

Bisigura ko igitigiri c'abinjira muri Espagne - 8385 ubu - gishobora kuja hejuru y'ic'Ubugiriki cigeze gushika ku 11713.

Ivyo vyoba bitegwa nuko abimukira basanga inzira yo guca muri Espagne, ariyo irimwo ingorane nke muri kino gihe.

Mu ntango y'ino ndwi, hari amafoto ya videyo yerekanye abimukira bashitse ku nkombe ya Cádiz, bitangaza abakerarugendo bari bahari.

IOM ivuga ko abantu 11849 aribo bamaze gushika muri Espagne uno mwaka, ugereranije n'abagezeyo mu mwaka wose uheza bashika ku 13246.

"Twokwemeza ko icatumye ibintu bihinduka aruko inzira yo muri Espagne uvuye Maroc ariyo irimwo ingorane nke", niko Joel Millman, umuvugizi wa IOM yavuze asubiwemwo n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.

"Birashoboka ko Espagne izoja hejuru y'Ubugiriki uno mwaka," niko Bwana Millman yavuze.