Ikigo ca Onu vyatewe n'inteko z'umutekano za Nigeria

Ibiro bikuru vy'ishirahamwe mpuzamakungu Onu i New York (hagati)
Image caption Ibiro bikuru vy'ishirahamwe mpuzamakungu Onu i New York (hagati)

Umuryango mpuzamakungu Onu uvuga ko inteko z'umutekano za Nigeria zateye ikigo cazo gitanga imfashanyo ku bantu bagize ingorane kubera umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Boko Haram.

Abakozi benshi bakora baryama muriyo kambi iri Maiduguri, mu buraruko bushira ubuseruko bw'igihugu.

Onu ivuga ko yipfuza ibisobanuro mu maguru masha, ngo imenye ingene ivyo bikorwa vyo gusaka vyamaze amasaha atatu vyagenze.

Onu yategetse abakozi bayo gukora bava muhira, yicarika indege za kajugujugu zatwara imfashanyo mu turere tugoye gushikamwo.

Ubutegetsi bwa Nigeria bumaze imyaka umunani bugwana na Boko Haram, nta kintu burabivugako.