Kenya: Uhuru Kenyatta yatsinze amatora

Uhuru Kenyatta (i buryo) na William Ruto bahawe inkaratatsi zuko batsindiye ibibanza vy'umukuru w'igihugu n'ic'icegera c'umukuru w'igihugu
Image caption Uhuru Kenyatta (i buryo) na William Ruto bahawe inkaratatsi zuko batsindiye ibibanza vy'umukuru w'igihugu n'ic'icegera c'umukuru w'igihugu

Mw'itangazo umukuru w'akanama kajejwe amatora Wafula Chebukati yasomye bugorovye cane, yamenyesheje ko Uhuru Kenyatta yarasanzwe arongoye igihugu ariwe yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu ku majwi 8.203.290 nukuvuga 54,27%.

Uwo bahiganwa Raila Odinga arongoye urunani NASA, yaronse amajwi 6.762.224 nukuvuga 44,74%.

Abantu barenga imiliyoni 19 nibo bari biyandikishije mu matora, ariko abarenga imiliyoni 15 nibo batoye, muribo habamwo amajwi arenga 400000 y'impfagusa.

Mw'ijambo Uhuru Kenyatta yashikirije, yemeye ko agiye gukorana n'abatsinzwe ngo batez'imbere igihugu, asaba abanyagihugu gufatana mu nda.

Raila Odinga n'urunani NASA arongoye ntibitavye ibirori vyo gushikiriza uwatsinze amatora, bakaba bari bamenyesheje kare ko batabijamwo bidogera akanama kajejwe amatora IEBC ko katashatse kwumviriza ivyo basaba.

Image caption Raila Odinga yemeza ko habaye ubusuma bw'amajwi mu kwabura mudasobwa za IEBC

Urunani NASA rwavuze kw'ibikorwa vya IEBC muri ano matora ari nk'inkinamico kandi ko itazirigwa ija kwitura ubutungane.

Raila Odinga n'abo bari kumwe mu runani bari bamenyesheje ku munsi wa gatatu ko Raila Odinga ariwe ari hejuru mu majwi kurusha uwo bahanganywe Uhuru Kenyatta, bituma abayoboke biwe batangura kwigina intsinzi.

NASA yemeza ko hari ubusuma bw'amajwi bwakozwe mu kwabura mudasobwa za IEBC, amajwi akagenda yiyongera ku mukandida Uhuru Kenyatta, ariko abarorerezi bo ku rwego mpuzamakungu hamwe na IEBC nyene ntibashoboye kuvyemeza ahubwo bakavuga ko amatora yagenze neza, mu mwidegemvyo no mu kuri.

Image caption Umukuru w'akanama kajejwe amatora muri Kenya IEBC Wafula Chebukati

Umukuru w'akanama kajejwe amatora yavuze ko bakoze igikorwa cabo neza, ko bikwiye kubera icigwa n'ibindi bihugu.

EU: "Nta busuma bwabaye mu matora ya Kenya"