Kenya: Umuntu umwe yiciwe mu karere ka Nyanza

Igipolisi mu karere ka Kondele mu gisagara ca Kisumu
Image caption Igipolisi mu karere ka Kondele mu gisagara ca Kisumu

Umukuru w'igipolisi mu karere ka Nyanza avuga ko umuntu umwe yishwe azize imidurumbanyo yadutse inyuma y'itangazwa ry'ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu ca Kenya.

Uwo muntu yiciwe mu gace ka Maseso.

Hari n'bakomeretse ubu bariko baravurigwa mu bitaro.

Kenya: NASA yemeza ko yatahukanye intsinzi

Umukuru w'igipolisi mu karere ka Nyanza, Wilson Njenya, yabwiye abamenyeshamakuru ko abandi bantu batatu bahagaritswe mu gisagara ca Kisumu, bazira ubusuma.

Image caption Amabarabara amwe amwe aragaragara n'amaduka ntiyuguruye mu gisagara ca Kisumu

Uwo mutegetsi mu gipolisi kandi yararengwa ko ata masase ariko arakoreshwa mu gushiragiza abari mu myiyerekano, kandi ko ata n'itegeko ryatanzwe ryo kubarasa.

"Amasase akreshwa iyo ubundi buryo bwananiwe. Kandi ntitwipfuza ko abajejwe umutekano bahasiga ubuzima bariko baracungera abanyagihugu n'ivyo batunze," ni ko yavuze.

Umutekano wifashe neza mu gihugu cose

Hagati aho, umushikiranganji ajejwe umutekano mu gihugu vy'agateganyo, Fred Matiang'i avuga ko hirya no hino mu gihugu umutekano ari wose, kiretse uturere twa Mathare na Kibera mu gisagara ca Nairobi hamwe no mu ntara ya Kisumu.

"N'aho dufise uburenganzira bwo kugira imyiyerekano, ubu burenganzire bukoreshwe mu mahoro kandi ata kurasa. Kuko bibangamira umutekano w'abantu n'ibintu." ni ko yavuze.

"Reta iriko irakora uko ishoboye mu gukingira ubuzima bw'abantu n'ibintu vyabo. Abaca iruhande ibi, bategerezwa guhangana n'ibuvu z'amategeko."

Uwufise ububasha kw’isanamu Empics
Image caption Abari mu myiyerekano bazibiye amabarabara mu turere tumwe tumwe twa Kisumu

Dr Matinag'i yavuze ko bimwe mu bituma haba imidurumbanyo ari agasomozo kari ku mbuga ngurukanabumenyi.

Yavuze ko hari amategeko ahana abakwiragiza ukwinubana n'inkuru z'ububeshi, ko ababigira bategerezwa kubihanirwa.

EU: "Nta busuma bwabaye mu matora ya Kenya"

Yahakanye kandi ko hoba hari abantu bishwe n'igipolisi.

"Nta na hamwe igipoli cigeze gikoresha inguvu z'umurengera muri Kenya. Uwuvuga ivyo ni umubeshi," ni ko Matiang'i yavuze.

"Polisi hawajatumia nguvu kupita kiasi dhidi ya waandamanaji popote nchini Kenya. Anayesema hivyo ni muongo," amesema Dkt Matiang'i.

Icegera c'umukuru w'indorerezi z'urunani NASA, James Orengo, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, avuga ko abanti barenga ijana ari bo bamaze kwicwa n'igipolisi, harimwo abana cumi.

Abasenyeri ba Katolika bateye akamo ko igipolisi kitokoresha inguvu zirenze urugero.