KNCHR ivuga ko abantu 24 bamaze kwicwa muri Kenya bazize imidurumbanyo y'inyuma y'amatora

Mathare Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abayoboke b'urunani rutavuga rumwe na reta NASA baratanye mu mitwe n'igipolisi mu turere twa Mathare na Kibera i Nairobi hamwe na Kisumu

Akanama gaharanira uburenganzira bw'ikiremwa muntu muri Kenya kavuga ko abantu 24 ari bamaze kubura ubuzima bivuye ku midurumbanyo yadutse inyuma y'itangazwa ry'ivyavuye mu matora, aho urunani NASA rwatsinzwe ruvuga ko yabayemwo ubusuma.

Uwo batavuga rumwe na prezida Uhuru Kenyatta, Raila Odinga, avuga ko ayo matora yabayemwo ubusuma burenze urugero.

Umukenguzamateka James Orengo yabwiye BBC ko umugambwe wiwe urongowe na Raila Odinga utazokwitwara muri sentare kubera ko prezida Uhuru Kenyatta yamaze gutera ubwoba abacamanza.

Gushika ubu abantu 11 ni bo bamaze kumenyekana ko babuze ubuzima mu midurumbanyo yakurikiye amatora, yatanguye bagiheza gutangaza ko prezida Uhuru Kenyatta ari we yatahukanye intsinzi mu matora y'umukuru w'igihugu mu kiringo kigira kabiri mw'ijoro ryo ku musi wa gatanu.

Kenya mu mafoto inyuma y'imenyekana ry'umukuru w'igihugu mushasha

Akanama gashinzwe kugwanira agateka ka zina muntu muri Kenya, KNCHR kasohoye urutonde rw'abantu bamaze gupfa, bose bakaba bashika 24 muri iyo midurumbanyo yadutse inyuma y'amatora, kanavuga ko igipolisi kiriko kirakoresha inguvu zirenze urugero.

Image caption Uhuru Kenyatta (i buryo) n'uwo batavuga rumwe Raila Odinga (i Bubamfu)

Umushikiranganji mfatakibanza w'umutekano, Fred Matiang'i yise abari mu myiyerekano ko 'ari inkozi z'ikibi'.

Umwe mu bakuru b'imigambwe itavuga rumwe na reta, Johnson Muthama, yavuze ko igipolisi kiriko kiragondoza abantu ngo bemere ivyavuye mu matora ku nguvu.

Amnesty Inter isaba amatohoza kubicwa batavuga rumwe na reta ya Kenya

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imidurumbanyo yaradutse mu karere ka Kibera