NASA isaba abayoboke bayo kudatonda ku kazi ku wa mbere

Raila Odinga Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Urunani rwa Raila Odinga, NASA rusaba abayoboke barwo kudatonda ku kazi ku mbere

Umukuru w'urunani rutavuga rumwe na reta, Nasa, Raila Odinga yabonetse ubwa mbere kuva atsinzwe mu matora y'umukuru w'igihugu na prezida Uhuru Kenyatta, mu rugendo bagize mu karere ka Kibera mu gisagara ca Nairobi,

Kibera hamaze imisi hari ugutana mu mitwe hagati y'abayoboke ba NASA batemera ivyavuye mu matora hamwe n'igipolisi.

"Nta vyinshi mvuga uyu musi. Nzosubira kugira ico nshikirije ku wa kabiri," ni ko Odinga yavuze.

Kenya: Ivyegeranyo vyacereje kumenya uwatsinze amatora

Raila Odinga yagirije reta gukoresha iguvu zirenze urugero, asaba ko haba n'agacerere ko kwibuka abamaze kwitaba Imana.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abatavuga rumwe n'ubutegetsi mu myiyerekano mu karere ka Mathare mu gisagara ca Nairobi

Twari twagabishije ko igipolisi gishobora gukoresha inguvu nyinshi.

"Twari twerekanye ibimenyetso ko bashobora kwica," uko ni ko Odinga yongeyeko.

Umwe mubarongoye urunani NASA, James Orengo yahamagariye abayoboke babo kudatonda ku kazi ejo ku musi wa mbere.

Kenya: NASA yemeza ko yatahukanye intsinzi

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abapolisi bajejwe kugwanya imidurumbanyo mu gisagara ca Kisumu

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu muri Kenya KNCHR rivuga ko gushika ubu abantu 24 ari bo bamaze kwicwa, cumi n'indwi ngo bakaba biciwe mu gisagara ca Nairobi.

Onu ihamagarira Raila Odinga guhagarika gukoresha amajambo akarishe no gusaba abayoboke biwe gutekana, ivyo basaba bigaca mu mategeko.