Igisirikare ca Uganda ngo nticimirije kwinjira muri Kenya

Abasirikare ba Uganda muri defire Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abasirikare ba Uganda muri defire

Igisirikare ca Uganda "Uganda People's Defence Force" (UPDF) cahakanye amakuru avugwa ko citeguye kwinjira mu gihugu ca Kenya gufasha kugarura umutekano inyuma y'amatora yo mu ndwi iheze.

Prezida Uhuru Kenyatta niwe yamenyeshejwe ko yatsinze, uwo bahiganwa Raila Odinga ntiyemera ivyavuye muri ayo matora.

Umushikiranganji ajejwe itumanako, Frank Tumwebaze yavuze ko igisirikare ca Uganda kidashobora kurungikwa hanze mu bikorwa vya gisirikare mw'ibanga.

Umuvugizi w'igisirikare ca Uganda, Richard Karemire, yavuze ko Kenya ari igihugu cikukiye, ko umutekano w'ico gihugu ubazwa leta yaco.

Yavuze ko igihugu ca Uganda kitararonka ubutumwa bwa Kenya, isaba ko Uganda yobarungikira abasirikare canke yipfuza gufashwa.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu muri Kenya KNCHR rivuga ko abantu 24 ari bo bishwe, 17 bakaba biciwe mu gisagara ca Nairobi.

Image caption Igipolisi ca Kenya gikurikira abiyamirije amatora

Igipolisi ca Kenya kikaba cagirijwe gukoresha inguvu nyinshi.