Ubuzima busanzwe bwagarutse mu gisagara ca Nairobi

Umugabo agurisha ibidandazwa vy'utugenegene mu gisagara ca Nairobi
Image caption Umugabo agurisha ibidandazwa vy'utugenegene mu gisagara ca Nairobi

Ubuzima busanzwe buriko buragaruka mu gisagara ca Nairobi inyuma yaho hatangarijwe ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu, munyuma hakaduka imyiyamamazo ivyiyamiriza.

Bisa naho abanyagihugu batitavye akamo katewe n'umukuru w'urunani rutavuga rumwe n'ubutegetsi NASA, Raila Odinga, yari yabasavye kutaja ku mirimo ku munsi wa mbere, ngo bashobore kugandarira abantu baguye mu makimbirane hagati y'abajejwe umutekano n'abanyagihugu biyamiriza intsinzi ya Prezida Uhuru Kenyatta.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu muri Kenya KNCHR rivuga ko abantu 24 ari bo bayiguyemwo, 17 bakaba biciwe mu gisagara ca Nairobi.

Amaduka menshi yuguruye ukuri kwamye mu gisagara ca Nairobi, inyuma y'iminsi ishika hafi ku ndwi yugaye.

Image caption Imangazini y'impuzu n'ibirato mu gisagara ca Nairobi
Image caption Uwutembereza amashugwe mu gisagara ca Nairobi

Abantu benshi batonze ku mirimo ndetse n'amabarabara akaba yarimwo abantu batari bake ugereranije no mu minsi y'imidugararo aho yagaragara.

Image caption Ku munsi wa mbere, hari abantu batari bake mu mabarabara y'umuji wa Nairobi

Abategetsi bo mu runani NASA ntibashigikiye bose akamo katewe na Raila Odinga ko guhagarika imirimo.

Uwahora ari umunyamabanga mukuru w'umugambwe ODM wa Raila Odinga, Anyang Nyongo aheruka gutorwa ka buramatari w'intara ya Kisumu, we yasavye abanyagihugu kuja ku kazi.

Kizigenza w'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi, Raila Odinga yemeza ko hari ubusuma bwabaye mu matora, ndetse urunani NASA arongoye rukavuga ko ariwe yatsinze.

Akanama kajejwe amatora IEBC katangaje ko umukuru w'igihugu wubu Uhuru Kenyatta yaronse 54,27% naye uwo bari bahanganye Raila Odinga atahukana 44,74%.

Bwana Odinga yabwiye abayoboke biwe ko azobamenyesha ku munsi wa kabiri ico urunani arongoye rugiye gukora.

Hagataho, urwo runani nyene rukaba rwari rwamenyesheje rukimara kumenya ko rwatsinzwe ko bidakenewe ko rwitura ubutungane.