Kenya: Kenyatta asaba umubano mwiza n'abo batavuga rumwe

Prezida Uhuru Kenyatta avugana n'abamenyeshamakuru ku biro vy'umukuru w'igihugu
Image caption Prezida Uhuru Kenyatta avugana n'abamenyeshamakuru ku biro vy'umukuru w'igihugu

Umukuru w'igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta yasavye abo batavuga rumwe ngo bagiranire umubano mwiza inyuma yaho abayoboke babo biyamirije ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu bakiha amabarabara.

Bwana Kenyatta yatsinze uwo bari bahanganywe ku majwi 54%, ariko urunani NASA rw'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi rwemeza ko habayemwo ubusuma.

Bwana Odinga yasavye abanyagihugu kutaja ku kazi ku munsi wa mbere, ariko umukuru w'igihugu we agira ati: "Abakenya bavuze ko amatora bayarenganye, abatari bake basubiye ku mirimo.

"Ku bagenzi bacu bataremera ivyavuye mu matora, turabateye akamo. Turabasavye ubucuti...Ni haba hari abaguma bababajwe n'amatora, ni bikore ku bitegekanywa n'ibwirizwa shingiro."

Bwana Kenyatta yasavye igipolisi kwigumya, ariko amenyesha ko leta itazokwigera yihanganira abazimanganya ubuzima canke bonona amatungo y'abanyagihugu.

Abamenyeshamakuru ba BBC bari mu duce twinshi tw'igihugu, bamenyesheje ko ubuzima busanzwe buamaze kugaruka henshi.