Burundi: Abarenga 70 bahungutse bava muri Congo

Impunzi z'abarundi zihungutse ziva mur Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo
Image caption Impunzi z'abarundi zihungutse ziva mur Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo

Impunzi 70 zigizwe n'imiryango 24 nibo bashitse bavuye mu gihugu ca Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo, bakaba binjiriye ku mupaka wa Gatumba, mu burengero bw'umurwa mukuru Bujumbura.

Iyo miryango ukwo ari 24 yahora mw'ikambi y'impunzi y'i Lusenda, mu ntara ya Kivu Yepfo mu buseruko bushira ubumanuko bwa Congo. Bavuga ko bahunze intureka zaturutse ku kiringo ca gatatu c'uburongozi bwa Prezida Pierre Nkurunziza.

Image caption Imiduga ya HCR niyo yatahukanye impunzi

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu Thérence Ntahiraja niwe yakiriye iyo miryango igizwe n'abagore, abagabo n'abana bazanywe n'amakamyo y'ishirahamwe ryitaho impunzi "Haut Commissariat pour les Réfugiés" (HCR).Abo banyagihugu bavuga ko bahungutse kubera ko amahoro yagarutse mu Burundi.

Ikambi y'impunzi y'i Lusenda iri mu karere ka Fizi, icumbikiye impunzi 30000.

Image caption Imiryango 24 niyo yahungutse