Abiyahuzi b'abakobwa bishe abantu 27 muri Nigeria

Igisirikare ca Nigeria carananiwe guhagarika ubwicanyi bukoregwa i Maiduguri Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igisirikare ca Nigeria carananiwe guhagarika ubwicanyi bukoregwa i Maiduguri

Abiyahuzi batatu b'abakobwa bishe abantu 27 mu gitero bagavye mu karere ka Maiduguri, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria, niko ubutegetsi bwavuze.

Abaharugwa mu mirongo bakomeretse igihe abo bakobwa biturikije inyuma y'ikambi iri hafi ya Maiduguri mu ntara ya Borno - ikirindiro c'umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu, Boko Haram.

Ubwicanyi bwariyongeye mur'ico gisagara muri ano mezi arangiye.

Boko Haram igwana irondera gushinga leta igendera kw'idini rya Islamu, kuva mu 2009.

Mu cegeranyo casohowe n'abashakashatsi ba Amerika ku bijanye n'iterabwoba mu ndwi iheze, bivugwa ko ari ubwa mbere imigwi y'abagumitsi ikoresha abakobwa benshi b'abiyahuzi ku bagabo.

Baba Kura, ari mu mugwi w'abagwanyi bashigikiwe na leta bagwanya abo ba jihadistes, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko umwiyahuzi wa mbere yiturikije iruhande y'ikambi atuma abantu batekegwa n'ubwoba.

"Abantu baciye batangura kwugara imangazini zabo igihe abandi bakobwa babiri b'abiyahuzi nabo nyene biturikije, bagatuma igitigiri c'abapfuye kiduga," niko yavuze.

Mu mwaka uheze, leta ya Nigeria yavuze ko Boko Haram yaneshejwe ariko abamenyeshamakuru bavuga ko igisirikare cananiwe guhagarika ibitero, abantu bakabandanya guta ingo zabo bahungira mu makambi.