Philippines: Igipolisi cishe 32 mu ngwano y'ibiyayuramutwe

Umugambi wa Duterte wo guhasha abaja mu biyovyabwenge wariyamirijwe mu makungu kubera igitigiri c'abapfa Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umugambi wa Duterte wo guhasha abaja mu biyovyabwenge wariyamirijwe mu makungu kubera igitigiri c'abapfa

Igipolisi ca Philippines cishe abantu 32 mw'isekeza cakoze ku bijanye n'ibiyayuramutwe, bikavugwa ko ari ubwa mbere hapfa abantu bangana ukwo ku munsi umwe mu ngwano ikogwa ku biyovyabwenge.

Iryo sekeza ryamaze amasaha 24 ku munsi wa kabiri, mu ntara ya Bulacan, mu buraruko bw'umugwa mukuru Manille.

Igipolisi kivuga ko abapfuye ari abagigwa n'ivyaha bijanye n'ibiyayuramutwe, bari bafise inkoho, bashaka guhangana n'abapolisi.

Abantu baharugwa mu bihumbi baramaze kwicwa kuvaho Prezida Rodrigo Duterte atanguje ingwano ku biyayuramutwe mu 2016.

Uwo mugambi ufise intego yo kurandurana n'imizi urudandazwa rw'ibiyovyabwenge, watumye amakungu asemerera kubera igitigiri c'abantu bapfa.

Bwana Duterte yarihanikije muri kahise abakora ubwicanyi ndengerabutungane.

Isekeza ryo ku munsi wa kabiri, ryatanguye sasita y'ijoro rishikana iyindi sasita y'ijoro nyene, rikogwamwo ibitero biharugwa mu mirongo mu gace ka Bulacan, nkuko amakuru yo mu gihugu abishikiriza.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Abarenga 100 nibo bafashwe

Abantu barenga 100 barafashwe, abapolisi bafata ibiyayuramutwe n'ibigwanisho mur'iryo sekeza.