May: Abagendera ku vyiyumviro vy'ubutagondwa bakwiye kwiyamirizwa

Theresa May niwe yabaye umutegetsi wa mbere agendeye Donald Trump mu biro White House Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Theresa May niwe yabaye umutegetsi wa mbere agendeye Donald Trump mu biro White House

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May yavuze kuwo wese agendera ku vyiyumviro vy'ubutagondwa akwiye kwiyamirizwa, asa n'uwishura ku vyashikirijwe na Prezida Trump.

Madamu May yabwiye abamenyeshamakuru ko ata muntu akwiye kugereranya aba "fascistes" n'abagwanya ivyiyumviro vyabo.

Aho mbere, Donald Trump yidogewe muri Amerika mu kuvuga ko imigwi yose ikwiye kubazwa ivyabaye -- abiyamiriza ivangura rishingiye ku rukoba hamwe n'abashigikiye ko umuzungu aruta abantu bose --mu ntureka yahitanye umuntu umwe abandi barakomereka mu gisagara ca Charlottesville mu ntara ya Virginia ku munsi wa gatandatu.

Umuvugizi w'inama nshingamateka, Paul Ryan, yavuze ko bihambaye ko abantu bamenya ko ivyiyumviro bishira abazungu hejuru y'abandi, bikumira.

Ku munsi wa gatandatu, imodoka yinjiye mu bantu bari mu myiyerekano biyamiriza ikumira rishingiye ku rukoba, yica umugore ikomeretsa n'abandi bantu benshi mu gisagara ca Charlottesville, mu ntara ya Virginia muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.