Igipolisi caburijemwo igitero ca kabiri muri Espagne

Igipolisi caburijemwo igitero ca kabiri muri Espagne Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Igipolisi caburijemwo igitero ca kabiri muri Espagne

Igipolisi co muri Espagne kivuga ko cishe abantu batanu mu gisagara ca Cambrils mu kwikinga igitero kigira kabiri inyuma y'icari gihejeje kuba mu gisagara ca Bercelone.

Abateye bari bambaye ibintu biturikirizako, ni ko igipolisi cavuze.

Abantu 13 barapfuye abandi mirongo barakomereka inyuma y'aho imodoka ntoyi yinjiriye mu kibanza kirimwo abantu mu gisagara ca Barcelone mu karere Ramblas ku musi wa kane inyuma y'umutaga.

Ubutegetsi bagereranya ico gitero n'icabereye i Camrils mu gihe hanavugwa ikintu caturitse ku musi wa gatatu ku mugoroba mu nzu imwe mu gisagara ca Alcanar, aho umuntu umwe yabuze ubuzima.

Imbere y'aho umutegetsi mukuru mu gipolisi, Lluis Trapero yavuze ko biboneka ko abantu baba muri iyo nzu mu ako karere ka Alcanar bariko barakora ikibombe.

Mu gisagara ca Cambrils abantu indwi harimwo n'umupolisi umwe bakomeretse igihe imodoka yinjira mu kivunge c'abantu hakiri kare ku musi wa gatanu nk'uko bivugwa n'abajejwe gutabara vyihuta mu gisagara ca Catalan.

Umuntu umwe araremvye cane.

Ibimenyeshamakuru vyo muri Espagne bivuga ko abateye bishwe igihe bariko baragerageza guhunga inyuma y'aho imodoka barimwo itembagariye.

Inyuma yaho hakurikiye ibintu biturika vyikurikiranya.