Umuhagarikizi w'umupira w'amaguru yishwe arashwe i Mogadishu muri Somalia

Uwufise ububasha kw’isanamu iShirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Somalia
Image caption Dirah yarashwe avuye mu musigiti atashe muhira iwe

Umuhagarikizi rurangiranwa mu mupira w'amaguru muri Somalia yishwe arashwe ari hagufi yo muhira iwe mu gisagara ca Mogadishu.

Osman Jama Dirah, yahagarikiye inkino z'umupira w'amaguru zo mu gihugu na mpuzamakungu, yishwe avuye mu musigiti asubiye muhira mu karere ka Wardhigley.

Inkuru zivuga ko abagabo babiri bari bafise inkoho ntoyi bamurashe amasase menshi.

Umukinyi yahoze akinira umugwi nserukira gihugu wa Somalia, Anas Ali Mohamed yavuze ko yabonye abamurashe bariko bava mu kibanza bamurasiyemwo.

Yavuze ko abajejwe umutekano bashitse muri ico kibanza mu nyuma, ariko ko gushika ubu batarashobora gufata abamwishe.

Umumenyeshamakuru wa BBC wo mu gisata c'igisomali, Ahmed Adan, avuga ko iyicwa rya Osman Jama Dirah ari inkuru ibabaje, atari gusa ku bakunzi b'umupira w'amaguru, ahubwo ari ku bakunzi b'inkino bose.

Yari umwe mu bahagarikizi bazwi cane muri ico gihugu kuva reta itembagajwe haraciye imyaka 27.

Dirah yamenyekanye cane nk'umuhagarikizi mwiza kandi akaba yaranabaye no muri komite y'abahagarikizi mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Somalia.

Yarahagarikiye inkino mpuzamakungu, akaba yari anamaze imyaka 25 akora ako kazi.

Yatanguye kuja muvyo umupira w'amaguru mu 1979, ari umunyegori w'umugwi wa Galgadud, hanyuma aja mu mugwi nserukiragihugu nk'umunyegoli.

Mu 1997, yagenywe kuba umuhagarikizi na FIFA mu gihugu ca Somalia.

Icatumye yicwa ntikiramenyekana, kandi gushika ubu atawuriyitirira ico gitero.

Iyicwa ry'abantu bamenyekana cane ni ikintu gishasha ariko ntawuramenya igituma umukozi wo muvyo umupira w'amaguru ari we batumbereye.