Prezida Buhari wa Nigeria yatahutse kuri uno mugoroba

Prezida Muhammadu Buhari (hagati) yari amaze kuza kwivuza London Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY
Image caption Prezida Muhammadu Buhari (hagati) yari amaze kuza kwivuza London

Umukuru w'igihugu ca Nigeria, Muhammadu Buhari, yashitse mu gihugu ciwe nyuma y'iminsi ijana ariko arivuza i London uburwayi butatangajwe.

Abamushigikiye bari buzuye amabarabara baririmba, batamba kuva ku kibuga c'indege, aho bamwe mu bategetsi ba leta bari baje kumusanganira.

Ntibiramenyekana nimba Bwana Buhari azosubira mu mabanga yose y'umukuru w'igihugu.

Kuva mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka uheze amaze kuja kwivuza inshuro zitatu.

Vyitezwe ko ashikiriza ijambo igihugu mu gitondo co ku munsi wa mbere.

Harabaye imyiyerekano myinshi y'abasaba ko bwana Buhari yotanga imihoho.

Perezida Buhari yavuze ko amaze koroherwa

Perezida Buhari wa Nigeria yabonywe i London