Amajana y'abarwanya ivangurakoko ry'urukoba bahuriye i Boston

Abarwanya ivangurakoko baje kwiyamiriza igikorane c'intagondwa Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abarwanya ivangurakoko baje kwiyamiriza igikorane c'intagondwa

Abarwanya ivangurakoko rifatiye ku rukoba bashika amajana bahuriye i Boston muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kwiyamiriza igikorane c'abafise ivyiyumviro bivangura.

Ico gikorane cataziriwe igikorane c'ukwishira ukizana mu gushikiriza ivyiyumviro.

Abo bantu bakikuje uruzitiro ruri aho ico gikorane kiriko kirabera mu kibanza ca Boston Common.

Baza bararirimba indirimbo zirwanya aba Nazi, bari bagize umugambwe w'uwahoze atwara igihugu c'Ubudage yakoze ihonyabwoko ry'Abayahudi.

Bitwaje kandi ivyandiko bishigikira ubwigenge hamwe n'agateka ka zina muntu.

Umunyamakuru wa BBC yashitse aho bibera avuga ko abantu bake cane aribo bitavye ico gikorane kivugwa ko giharanira ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro.

Umutekano urarinzwe cane muri ico kibanza, mu gihe iki gikorane kibaye nyuma y'indwi imwe umuntu umwe apfuye mu gikorane c'abazungu b'intagondwa i Charlottesville muri Virginia.