Afrika y'epfo yahaye ubudahangarwa Grace Mugabe

Afrika y'epfo yasanze ari ngombwa kubungabunga imigenderanire myiza na Zimbabwe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Afrika y'epfo yasanze ari ngombwa kubungabunga imigenderanire myiza na Zimbabwe

Leta ya Afrika y'epfo ivuga ko yahaye ubudahangarwa umutambukanyi w'umukuru w'igihugu ca Zimbabwe, Grace Mugabe, aca arataha mu gitondo c'uno munsi.

Umugore wa Prezida Robert Mugabe yagirizwa guhohotera umuranzi w'imideri w'imyaka mirongo ibiri, Gabriella Engels, mu ndwi iheze i Johannesburg mw'ihoteli abahungu biwe barimwo.

Igisata ca Afrika y'epfo kijejwe imigenderanire mpuzamakungu kivuga ko icemezo co kumuha ubudahangarwa nk'uwuserukiye igihugu kitari coroshe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Gabriella Engels yahohotewe ari mw'ihoteli imwe n'abahungu ba Grace Mugabe i Johannesburg

Ngo ariko vyari ngombwa kubungabunga imigenderanire myiza n'igihugu ca Zimbabwe.

Umwe mubaserukiye uwahohotewe yavuze ko ariko arihweza kwunguruza kuri iyo ngingo.