Umwe yahitanywe n'imodoka yagonze igituro c'amamodoka mu Bufaransa

Site of bus stop death in Marseille Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umuntu umwe yahitanywe n'imodoka yagoze igituro c'amamodoka mu Bufaransa

Umuntu umwe yishwe inyuma y'aho imodoka igongeye ikibanza bategereramwo imodoka zunguruza abantu mu gisagara kiri mu bumanuko bw'Ubufaransa, Marseille.

Uwari atwaye iyo modoka yahagaritswe.

Igipolisi kivuga ko bitaramenyekana nimba iyo modokari yatumberejwe mu bantu kugushaka canke ko ari impanuka isanzwe.

Ariko hari inkuru zivuga ko ikindi gituro c'imodoka zunguruza abantu co mu yindi ntara cagonzwe mu gitondo kare.

Igipolisi cahanuye abantu kwiyubara.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umuntu umwe yahitanywe n'imodoka yagoze igituro c'amamodoka mu Bufaransa

Ibimenyeshamakuru vyo mu Bufaransa bivuga ko uwo mupfasoni yishwe yari afise imyaka 40, uwari atwaye iyo modoka na we yari afise imyaka 35, kandi yari azwi mu nzego zijejwe umutekano.

Nta nkuru iramenyekana y'icatumye ivyo biba.

Mu mwaka uheze, mu gisagara ca Nice, abantu barenga 80 barishwe bagonzwe n'ikamyo yiraye mw'isinzi ry'abantu bariko baragira umusi mukuru, igitero ciyitiriwe n'umuhari wa Islamic State.