Ubutaliyano: Ibikorwa vyihuta vyo gutabara abazize nyamugigima

Damage to Vinetum Hotel in Casamicciola, on 22 August 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Amahoteli, amasengero, ibitaro n'amazu abantu babamwo vyononekaye cane

Abatabara bariko barita ku giti no kw'ibuye kugira bashikire abavukanyi babiri bari musi y'ibisigarira vy'inzu inyuma ya ca nyamugigima cabereye mw'izinga rya Ischia rikunzwe n'ingenzi mu Butaliyano.

Bakuyeyo mwenewabo w'amezi indwi nka 04h:00 (02:00GMT) , inyuma y'amasaha menyi ico canyamugigima c'ugipimo ca 4.0 cadutse.

Abapfasoni babiri bapfuye abandi bantu 39 barakomereka, kibomagura n'inzu nyinshi.

Iryo zinga rifatanye n'igisagara kiri ku nkengera ca Naples ribamwo abantu boba bashika 50.000.

Ubutaliyano bwahuye na nyamugigima

Abazize Nyamugigima mu Butaliano bongerekanye

Iryo zinga rirakunzwe cane n'ingenzi, benshi muri bo bari kuryoherwa mu bunywero no mu buriro igihe ico ca nyamugigima caduka isaha 20:57 (19:57 GMT), kinyiganyiza ibirometero bitanu vyose, mu buraruko bwa komine Casamicciola.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ibikorwa vyo gutabara vyariko birabandanya

"Nabonye ibintu bibi ntazibagira, ibintu vyose vyanyiganyiga, tuja mu mwiza, inzu zariko zirabomoka.... indoto mbi." umuntu umwe ni ko yanditse kuri twitter.

Uwundi yavuze:" Nariko ndaraba imboneshakure. Umuco uragenda, ibintu biranyiganyiga, hari ikintu canguye mu mutwe. Nkoma induru, mawe aca arankwega twiruka hanze."

Umupfasoni umwe ageze mu za bukuru bivugwa ko yishwe n'ibihome vy'isengero, mu gihe ikindi kiziga catowe musi y'ibisigarira vy'inzu yabomotse.

Abantu boba bashika 1.500 basigaye badafise aho bakika umusaya, nk'uko bivugwa na Il Messagero.