Umukuru w'abasirikare bagwanira mu mazi yirukanywe mu kazi inyuma y'isanganya ry'ubwato i Singapour

Vice Admiral Joseph Aucoin, U.S. 7th Fleet Commander, attends a media briefing on the status of the U.S. Navy destroyer USS Fitzgerald, damaged by colliding with a Philippine-flagged merchant vessel, and the seven missing Fitzgerald crew members, at the U.S. naval base in Yokosuka, south of Tokyo, Japan 18 June 2017. Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Vyari vyitezwe ko Joseph Aucoin aja mu karuhuko k'iza bukuru mu ndwi ziri mbere

Igisirikare kigwanira mu mazi muri Amerika kivuga ko kigiye guhagarika mu mabanga yiwe Joseph Aucoin yari arongoye igisata kizwi kw'izina rya 'Seventh Fleet' , bivuye ku masanganya y'ubwato bw'intambara mu karere ka Asia.

Abasirikare cumi bagwanira mu mazi n'ubu ntawuramenya irengero ryabo inyuma y'aho ubwato bwa USS John S McCain bugonganiye n'iyindi meli itwara ibitro hagufi ya Singapour ku musi wa mbere.

Abategetsi b'igisirikare kigwanira mu mazi bavuga ko ibiziga vy'abantu vyatowe muri ubwo bwato ubu buhagaze ku kivuko ca Singapour.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ubwato USS John S McCainbwari mu buseruko bwa Singapour igihe bwagongana n'ubutwaye igitro Alnic MC kare cane ku musi wa mbere

Iryo sanganya ry'ubwato rigira kane muri uyu mwaka.

Igisata ca Seventh Fleet gifise icicaro i Yokosuka mu Buyapani gifise ubwato buri hagati ya 50 na 70 harimwo n'ubwato bugendera musi y'amazi.

Joseph Aucoin yari akirongoye kuva mu 2015, vyari vitezwe ko aja mu karuhuko k'iza bukuru mu ndwi zike ziri imbere.

Image caption Singapore

Iyirukanwa ryiwe n'ingingo ifashwe vuba n'abategetsi ba gisirikare bagwanira mu mazi inyuma y'isanganya ry'ubwato bwa USS John s McCain.

Ntibiramenyekana ryari haza gusohoka itangazo ryo kumuhagarika mu mabanga yiwe ku mugaragaro.

Ubwato USS John S McCainbwari mu buseruko bwa Singapour igihe bwagongana n'ubutwaye igitro Alnic MC kare cane ku musi wa mbere.