Brezil yuguruye ibikorwa vyo kwimba ubutare mw'ishamba rya Amazone

Trees tree-tops in the Amazon rainforest in the Amazon basin, Brazil, June 2012 Getty images Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Iryo shamba ryari rikingiwe kuva mu 1984 hakiri intwaro ya gisirikare

Reta ya Brezil yahagaritse amategeko yakingira igice kinini c'ishamba rya Amazone kugira batangure kuhimba ubutare.

Ako karere kangana n'ibirometero kwadarato 46.000, karihagati y'intara ya Amapa mu buraruko na Para, bikaba vyibazwa ko kagwiriyemwo inzahabu hamwe n'ubundi butare.

Reta yavuze ko uturere icenda dukingiwe harimwo n'utwo abasangwabutaka dushobira kubandanya gukingigwa kakurikijwe mu mategeko.

Dilma Rousseff yahagaritswe gutwara Brezil

Ariko abaharanira ibidukikije barerekanye amakenga ko utwo turere dushobora kubangamirwa.

Itegeko rwashizweko umukono na prezida Michel Temer ryahagaritse ikingwirwa ry'akarere kazwi kw'izina rya Natioanl Reserve of Copper and Associates (RENCA).

Uburinganire bwako buruta igihugu ca Denmark, ibice 30% vy'ako bizokwimbamwo ubutare.

Ubushikiranganji bujejwe ubutare n'agataka buvuga ko uturere dukingiwe n'utubamwo abasangwabutaka ata co tuzoba.

Brezil: Abapolisi bane bapfuye nyuma y'uko kajugujugu barimo 'irashwe n'amabandi'

"Ico iyo ngingo igamije n'ukuzana imitahe, kugwiza ubutunzi bw'igihugu, gutanga akazi no kwongereza amikoro y'amashirahamwe kandi ku gihe kirekire," ni ko ubwo bushikiranganji bwabimenyesheje mw'itangazo.