Nyene ishirahamwe Samsung, Lee Jae-young yapfunzwe azira igiturire

Lee Jae-Yong escorted by prison guards in April Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Sentare yo muri Korea y'epfo yaciriye urubanza umugwizatunga nyene ishirahamwe Samsung rwo gupfungwa imyaka itanu azira gutanga igiturire.

Lee yagirizwa gutanga igiturire mu vyatumye n'umukuru w'igihugu wa Korea y'epfo ahagarikwa mu mabanga yiwe.

Ivyo vyateye agashavu abanyagihugu ku mashirahamwe akomakomeye yo muri Korea y'epfo azwi kw'izina rya Chaebols.

Lee yarahakanye ivyo yagirizwa vyose akaba yari yasabiwe gupfungwa imyaka 12.

Uwo mugabo azwi kw'izina rya Jay Y Lee, ari we aramutswa ishirahamwe rikomeye rikora amatelefone ngendanwa agezweho, ari mu mvuto kuva mu kwezi kwa kabiri yagirizwa igiturire.

Korea yepfo: Sentare yanse gukurikirana uwuyoboye Samsung

Inyubakwa za Samsung zasatswe muri Korea y'epfo

Hakaba harimwo gutanga igiturire, gusahura itunga ry'igihugu no kunyegeza ubutunzi bwiwe mu bindi bihugu.

Uwo mugabo w'imyaka 49 yagirizwa gutanga imfashanyo ingana na miliyoni 36 z'amadolali ku mashirahamwe adaharanira inyungu yari arongowe na Choi Soon-asil, somambike wa prezida wa Korea y'epfo Park Geu-hye, mu ntumbero yo kuronka uturusho muri politike.

Abacamanza bavuga ko izo mfashanyo zahabwa somambike wa prezida Park kugira reta ishigikire itunganywa bushasha ry'ishirahamwe Samsung ryari gutuma riha igihagararo Lee co kwigarurira ibikorwa vyose vya Samsung Electronics.

Uwuburanira Lee yamaze kumenyesha ko agiye kwunguruza.