Umugambwe uri ku butegetsi muri Angola uri imbere mu majwi mfatakibanza

João Lourenço, the MPLA party candidate, casts his ballot in the general elections at a polling station in Luanda, Angola, 23 August 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption The MPLA's João Lourenço yatoreye i Luanda, Angola

Umugambwe MPLA uri ku butegetsi muri Angola uri imbere mu majwi y'abashingamateka muri ico gihugu, nk'uko bigaragara mu biharuro mfatakibanza.

Uwo mugambwe ufise amajwi 64.57% mu biharuro mfatakibanza, nk'uko bivugwa n'akanama kajejwe gutegura amatora muri Angola.

Umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta UNITA, bivugwa ko waronse ibice 24.04 vy'amajwi, ntiwemera ibiharuro vyashikirijwe n'ako kanama.

Aya matora yo muri iyindwi aje kurangiza intwaro y'imyaka yababa 40 ya prezida Jose Eduardo Dos Santos.

Amatora muri Angola

Akanama kajejwe gutegura amatora muri Angola kavuga ko ibiharuro mfatakibanza vy'amatora yabaye ku musi wa gatatu vyerekana ko umugambwe uri ku butegetsi wa MPLA uri imbere n'amajwi yababa bibiri vya gatatu vy'amajwi amaze guharurwa.

Image caption Abatora bahitamwo umwe mu bantu batandatu

Ayo majwi yamenyeshejwe ku musi wa kane, ava mu bice 70% vy'amajwi yose nk'uko bivugwa n'ako kanama.

Mu gihe ivyo vyavuye mu matora vyokwemezwa, umugambwe MPLA ugatahukana intsinzi, prezida yoca aba uwahoze ari umushikiraanganji wo kwivuna abansi Joao Lourenco, yagenywe nk'umusubirizi wa Dos Santos.

Angola: Amatora ya Perezida usimbura Jose Eduardo dos Santos

Ariko Dos Santos, yaramaze imyaka 38 ku butegetsi, akaba yagira uwa kabiri mu bantu barambiye ku butegetsi, azoguma ari we aramutswa umugambwe MPLA.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imyiyamamazo ikomeye yarabaye hirya no hino mu gihugu imbere y'uko haba amatora