Umunyororo yishwe hakoreshejwe ubumara bushasha muri Amerika mu ntara ya Florida muri Amerika

Mark Asay Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Mark Asay yaremeye ko yishe McDowell, ariko ahakana ubundi bwicanyi

Umuzungu aharanira ukwishira hejuru kw'abazungu yishw abantu abaziza amamuko yabo haraheze imyaka 30 yishwe atewe urushinge rurimwo ubumara.

Mark Asay ni we muzungu wa mbere muri kahise k'intara ya Florida yishwe kubera yishe umuntu yirabura , nk'uko bivugwa n'ishirahamwe rikurikiranira hagufi ishirwa mu ngiro ry'igihano co gupfa.

Asay w'imyaka 53, yahamwe n'icaha co kwica abantu babiri mu mwaka wa 1987 mu karere ka Jacksonville.

Yishwe isaha 22:22 GMT (01:22 PM mu karere ko mu buseruko bwa Afrika).

Bwari bubaye ubwa mbere hakoreshwa urushinge rurimwo ubumara bushasha mukwica umunyororo.

Abagize sentare baciye urubanza ko Asay yishe Robert Lee Booker, umwirabure na Robert McDowell w'imyaka 26 umuzungu yamuka muri Amerika y'epfo- abarashe mw'ijoro abanje kuvuga amajambo yerekana amacakubiri y'urukoba.

Abashikirizamanza bavuze ko Asay yari yafashe McDowell yari yambaye nk'umupfsoni, bararyamana, ariko aca aramurasa amaze kumenya igitsina ciwe nyaco.

Kuva hagarukanywe igihano gupfa mu 1976, abantu b'abirabure 20 baramaze kwicwa bazize kwica abazzungu.

Asay yishwe atewe urushinge rurimwo ubumara bwo mu bwoko bwa Etomidate butahora bukoreshwa muri Amerika.

Ubwo bumara rero bugiye gutangura gukoreshwa mu kibanza c'ubwa Midazolam bwahagaritswe gukoreshwa kubera bwatuma abaciriwe urubanza rwo gupfa bababara cane igihe baba bariko baricwa.

Ubumara bwa Etimidate bwavanzwe n'ubundi bubiri- Rocuronium bromide na Potassium acetate- imbere yo kubutera Asay.

Mu kiganiro n'iradio imwe, Asay yari yavuze ko atipfuza kuguma mw'ibohero ubuzima bwiwe bwose.