Amafoto yaranze Afrika muri iyi ndwi: 18 - 24 ukwezi kw'umunani mu 2017

Itororokanirizo ry'amafoto meza yo muri Afrika kandi y'abanyafrika muri iyi ndwi.

A picture taken on August 19, 2017 shows a woman wearing a decorative attire during the annual Chale Wote Street Art Festival at James town in Accra. Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Ku mugwa mukuru Accra muri Ghana, umupfasoni yambariye ibirori vy'umwaka vya Chale Wote Street Art

picture taken on August 19, 2017 shows acrobats performing during the annual Chale Wote Street Art Festival at James town in Accra. Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Abantu amajana n'amajana y'abanye Ghana n'abavuye mu makungu baritavye ivyo birori vyo ku musi wa gatandatu, baryohera abaje kubiraba n'utugenege, ivyese, intambo hamwe n'ibindi vyinshi.

Women hug beside letters reading "Jollof", a popular dish in Nigeria and across West Africa, during the Jollof rice festival in Lagos, on August 20, 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Kuri uwo musi nyene, abapfasoni bariko bari mu munezero mu birori vya Jollof mu gisagara ca Lagos muri Nigeria. Ivyo birori n'akaryo keza kubakunda imfungurwa, guhonja indya zitandukanye za Jollof, umuceri ukunzwe cane muri Afrika y'uburengero.

Supporters of Joao Lourenco (unseen), the candidate of the Popular Movement for the Liberation of Angola (MPLA), cheer during an elections campaign rally in Luanda, Angola, 19 August 2017. Uwufise ububasha kw’isanamu EPA

Kuri uwo musi nyene, ku mugwa mukuru wa Angola i Luanda, abashigikiye umugambwe uri ku butegetsi MPLA bari mu birori vy'imyiyamamazo mu matora y'abashingamateka. Umukandida w'uwo mugambwe, Joao Lourenco, vyitezwe ko ari we agiye kuba prezida w'ico gihugu inyuma y'aho uwahahora Jose Eduardo Dos Santos afatiye ingingo yo gukinjura inyuma y'imyaka 38 ari ku butegetsi.

Suporters of Isaias Samakuva (not pictured), the candidate of the UNITA holding a black rooster, the symbol of the party during the closing campaign rally in Luanda, Angola Uwufise ububasha kw’isanamu EPA

Ku musi ukurikira, abashigikiye umukandida w'umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta, Isaias Samakuva, bashize isake yirabura hejuru. N'ikimenyetso c'umugambwe wa Samakuva, UNITA.

Supporters of Kenyan opposition leader Raila Odinga, from the National Super Alliance (NASA), coalition protest outside the Supreme Court in Nairobi, Kenya August 18, 2017. Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Hagati aho, abashigikiye umukuru w'mugambwe utavuga rumwe na reta muri Kenya, Raila Odinga, baragize imyiyerekano mu gisagara ca Nairobi ku musi wa gatanu. Abatavuga rumwe na reta bagiriza igipolisi gukoresha inguvu zirenze urugero mu gushwiragiza abari mu mwiyerekano yo kwanka ivyavuye mu matora yo ku wa 8 ukwezi kw'umunani, Igipolisi kirahakana ivyo cagirizwa.

Nigeria"s President Muhammadu Buhari is received by some state governors at at Nnamdi Azikiwe airport in Abuja, Nigeria August 19, 2017 after his return from three months medical trip in Britain. Nigeria Presidency Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Ku musi wa gatandatu, prezida wa Nigeria Muhammadu Buhari w'imyaka 74, ariko arakirwa n'abakuru b'intara ku kibuga c'indege co ku mugwa w'indege Abuja, agarutse ava mu Bwongereza aho yari amaze amezi atatu kwivuza.

Protestors march holding a placard they take part in a rally "no to barbarism" in central Ouagadougou on August 19, 2017, after a recent attack in the capital of Burkina Faso in which 18 people were killed. Gunmen killed nine locals and nine foreigners as they dined on the terrace of a Turkish restaurant in Ouagadougou late August 13. Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Ku mugwa mukuru wa Burkina Faso, Ouagadougou, abari mu myiyerekano bafise ivyapa vyanditseko "Turanse ubunyamaswa". Abari mu myiyerekano baciye mu gisagara ku wa gatandatu biyamiriza iyicwa ry'abantu 18 mu gitero cikekwa ko ari ico iterabwoba, mu nzu y'uburiro ikunzwe cane y'umunye Turkia.

In this photograph taken on August 15, 2017, children play in the waters of the River Chari in the Chadian capital of N"Djamena, close to the border with Cameroon. Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Kuri iyi foto yabonetse ku musi wa gatanu, abana baboneka bariko barakinira mu ruzi Chari rwo ku mugwa mukuru N'Djamena mu gihugu ca Tchad.

Egyptian parents teach newborns how to swim in a first of its kind school in Cairo, Egypt, August 15, 2017. Picture taken August 15, 2017. REUTERS/Amr Abdallah Dalsh Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Kuri uwo musi nyene, abavyeyi bo mu Misri bariko barigisha umwana wabo ingene boga ku mugwa mukuru Cairo.

Amafoto yafashwe na AFP, EPA, Getty Images and Reuters