Korea ya ruguru yecishije misile hejuru y'Ubuyapani

Prezida wa Korea ya Ruguru akikijwe n'abakuru ba gisirikare Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida wa Korea ya Ruguru akikijwe n'abakuru ba gisirikare

Korea ya ruguru yeteye misile hejuru y'Ubuyapani imbere y'uko zigwa mw'ibahari.

Izo misile zagiye ibirometero vyababa igihumbi mu buseruko bw'izinga ry'Ubuyapani rya Hokkaido.

Ico gikorwa cteye ubwoba abantu baciye basabwa kwinyegeza mu bibanza vyateguwe mu kuzimu canke mu mazu yabigenewe.

Umushikiranganji wa mbere y'Ubuyapani Shinzo Abe avuga ko iterwa ry'izo misile ritari bwigere riba, riteye ubwoba igihugu ciwe.

Nta co Ubuyapani bwakoze ngo bukorore ico izo misile ariko bwagabishije abanyagihugu babwo ko bokwinyegeza mu mazu yubatse mu kuzimu.

Korea y'epfo yipfuza ibiganiro vya gisirikare na Korea ya ruguru

Korea ya ruguru yagerageje ibindi bigwanisho

Abasirikare b'Ubuyapani na Amerika bariko baragirira imyimenyerezo hamwe muri ako karere ka Hokkaido, na yo prezida wa Korea y'epfo yasavye ko hakoreshwa inguvu mu kwishura kuri iryo geragezwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abanyagihugu ba Hokkaido barungikiwe ubutumwa bugufi bubasaba kwinyegeza mu kuzimu

Indege zine za Korea y'epfo zagize imyimenyerezo yo gutera amabombe ku musi wa kabiri.

Shinzo Abe yavuze ko bavuganye na prezida wa Amerika Donald Trump kandi ko bose bumvikanye kubandanya gutera igitsure Korea ya ruguru.

Mu rukurikirane rwayo rwo kugerageza ibisase muri iyi misi ya vuba, Korea ya ruguru ntiyari bwatere misile zica hejuru y'ubutaka bw'ico gihugu, ico gikorwa rero kikaba cateye ubwoba bwinshi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umushikiranganji wa mbere y'Ubuyapani Shinzo Abe avuga ko iterwa ry'izo misile ritari bwigere riba, riteye ubwoba igihugu ciwe.

Mu misi yahera Korea ya ruguru yaragerageje igisase cashitse k'co ico gihugu cipfuza, gishobora gushika muri Amerika, iranagabisha ko ifise umugambi wo gutera misile akarere ka Guam ka Amerika, ku birometero ibihumbi bibiri mu bumanuko bw'Ubuyapani.