Barcelone yaguze umukinyi Ousmanne Dembele ku miliyoni 135.5 z'amapawundi

Ousmanne Dembele Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ousmanne Dembele

Barcelone bamaze kugura umukinyi w'imbere wa Borrusia Dortmund, Ousmanne Dembele ku miliyoni 135.5 z'amapawundi.

Uwo mukinyi w'umufaransa w'imyaka 20 yashize umukono ku maseerano y'imyaka itanu ku kibuga ca Nou Camp ari kumwe n'umukuru w'uwo mugwi, Joseph Maria Bartomeu ku musi wa mbere.

Ayo masezerano ni aya kabiri mu mahera menshi ubu vuba, aya mbere akaba ari aya Neymar yaguzwe imiliyoni 200 z'amapawundi yerekeza mu mugwi wa PSG.

Dembele:" Ndanezerewe cane no kuza muri Baraca".

"Zari indoto zanje kuva nkiri umwana muto ko nokina muri Barca, none indoto zanje zigiye mu ngiro".

" Ni wo mugwi wa mbere kw'isi, ufise abakinyi beza kw'isi".

Umusi wa nyuma Dembele yakiniye Dortmund n'igihe bahiganirwa igikombe ca Supercup itariki 5 ukwezi kw'umunani.

Uwo mugwi wo mu Budagi wari wabanje kwankira Barcelone gutwara uwo mukinyi mu ntango z'ukwezi kw'umunani, mu gihe uwo mukinyi na we yari mu bihano azira gusiba imyimenyerezo.