Macron yerekanye umugambi wo gutuza abimukira

Migrant boat off Libya, 2 Aug 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubwarto burimwo abimukira ku nkengera ya Libya, kenshi usanga bwarengeje abo butwara

Prezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron yashize ahabona umugambi wo gutuza abimukira bajabuka ikiyaga Mediterranee inyuma yo guhura n'abategetsi ba Afrika n'aba Buraya.

Harimwo gutuza abafasha abimukira baca mu kiyaga Mediterranee, yongereze umutekano muri Libya yongere afashe ibihugu abimukira bacamwo.

Macron kandi ashaka ko abasaba ubuhungiro bobigirira muri Libya, Chad na Niger.

Prezida wa Niger Mahamadou Issoufou yavuze ko abashaka kuja i Buraya badakurikije amategeko bohabwa ubundi buryo bwo kubaho.

Avuga ko bitera umutekano muke mu gihugu ciwe mu kuzana ibigwanisho bagarutse bava muri Libya inyuma yo gucisha abimukira mu bugaragwa.

Ikibazo cy'abimukira muri EU: urukiko rwavuze ko EU ishobora kwirukana abimukira

Hagati aho, umushikiranganji wa mbere w'Ubutaliyano Paolo Gentiloni yavuze ko ashaka ko igitigiri c'abimukira kigabanuka, kandi ko imico n'imigenzo y'igitigiri kinini c'abimukira ireka kugira ingaruka kubo basanzwe mu bihugu bibakiriye.

Ubutaliyano kandi bwasavye ibindi bihugu bigize ishiramwe rya EU kubafasha umutwaro w'abimukira, kubera ibigo bibakira vyarengewe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Issofou (i bubamfu) yabwiye Macron ko abipfuza kuja i Buraya bakeneye ubundi buryo bwo kubaho

Umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi Angela Merkel yavuze ko kugwanya abakora urwo rudandazwa bitegerezwa kujana n'iterambere.

" Ata kazoza keza gategekanijwe ku bantu ba Afrika, ntituzoshobora gutorera inyishu ikibazo c'abimukira," ni ko yavuze.

Abimukira 100 barokowe mu bugaragwa bwa Niger

Mu 2015, ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya ryemeye imfashanyo ingana n'imiriyaridi 1.8 z'ama euro ku bihugu vya Afrika mu ntumebro yo kugabanya abimukira binjira i Buraya.