Imfashanyo ku basinzikajwe n'umwuzure i Texas

Imvura itari bwigere iboneka yaraguye mu gisagara ca Houston, hakaba hitezwe n'iyindi nyinshi muri iyi misi iri imbere.
Image caption Imvura itari bwigere iboneka yaraguye mu gisagara ca Houston, hakaba hitezwe n'iyindi nyinshi muri iyi misi iri imbere.

Prezida Donald Trump yemeye gukora uko ashoboye mu guha imfashanyo amareta yahuye n'akaga k'igihuhusi ca Harvey.

Hagiye gusabwa imfashanyo y'imiriyaridi n'imiriyaridi ariko ikazobanza kwemezwa n'inama nshingamateka.

Avugira mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Washington, prezida Trump yavuze ko gusubira gutora akajisho ku bantu bakozweko n'ico gihuhusi bizofata umwanya muremure kandi ko bitoroshe.

Trump uyu musi araja mu ntara ya Texas, intara yasinzikaye cane- kugira yirabire ivyahononekariye.

Igihuhusi Harvey: Abantu 2000 bahungishijwe kubera umwuzure i Houston muri Amerika

USA: Abantu barenga 40 bahitanywe n'igihuhusi

Imvura itari bwigere iboneka yaraguye mu gisagara ca Houston, hakaba hitezwe n'iyindi nyinshi muri iyi misi iri imbere.

Prezida Trump yamenyesheje ibihe bidasanzwe mu ntara ya Louisiana na yo nyene igeramiwe n'umwuzure.