Kenya: Sentare Ntahinyuzwa yasavye ko amatora asubirwamwo

Uhuru Kenyatta niwe yari yatangajwe ko yatsinze amatora n'akanama kajejwe amatora IEBC
Image caption Uhuru Kenyatta niwe yari yatangajwe ko yatsinze amatora n'akanama kajejwe amatora IEBC

Sentare Ntahinyuzwa ya Kenya yavuze ko amatora y'umukuru w'igihugu aheruka yafuswe, ko ari impfagusa mu kuba yakozwe hatisunzwe ibwirizwa shingiro.

Ivuga ko hari amakosa menshi yakozwe atuma amatora y'umukuru w'igihugu atawoyizera.

Uwurongoye igisata c'ubutungane (Chief Justice), David Maraga, yavuze ko akanama kajejwe amatora katashoboye gutunganya amatora kisunze amategeko ya Kenya.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty
Image caption Abacamanza indwi ba sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa singiro ni bo baciye urwo rubanza rwerekeye amatati y'amatora

Imigambwe itavuga rumewe n'ubutegetsi irongowe na Raila Odinga mu runani NASA yagumye iyiyamiriza, ivuga ko yaranzwemwo ubusuma.

Sentare Ntahinyuzwa yavuze ko hagiye gutunganywa ayandi matora mu kiringo c'iminsi 60.